#Burundi: Ingingo Yo Kubuza Ama Kaminuza 9 Kwakira Abanyeshure Bashasha Mu Mwaka w’Ishure Wa 2018-2019 Ngo Yafashwe Mu Ntumbero Yo Gusubiza Akanovera Inyigisho Za Kaminuza.

Umushikiranganji Gaspard BANYANKIMBONA ajejwe inyigisho za kaminuza avuga ko hagiye kuza haramenyeshwa ku mwaka ku mwaka ibisata birekuriwe kwakira abanyeshure.

Gaspard BANYANKIMBONA mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa mbere yamenyesheje yuko bafashe iyo ngingo yo kubuza ama kaminuza amwe amwe kwakira abanyeshure muri uyu mwaka kuko basanze abanyeshure bose biga za kaminuza baja kw’isoko rimwe benshi bakunda kuboneka yuko batize neza iyo bahejeje. Ngo ubu bagomba kurabe uko binjira, ko binjira bose bafise ibisabwa. Abatunganya ivyigwa nabo ngo barabe yuko babitunganya koko bafise ibikenerwa nabo banyeshure bivanye n’ivyigwa bagiye kwigisha.

Umushikiranganji Gaspard BANYANKIMBONA ajejwe inyigisho za kaminuza avuga ko hagiye kuza haramenyeshwa ku mwaka ku mwaka ibisata birekuriwe kwakira abanyeshure kugira abantu ntibazimire canke bazimagirike bata umwanya baja kwinjira mu bisata bitarekuwe. Ayo ma kaminuza rero ngo bayafatiye ingingo ko atakira abanyeshure mu kugira bayafashe kugira yo nyene ntagwe mu kaga canke ngo ate mu kaga abana b’u Burundi.

Tubamenyeshe yuko Gaspard BANYANKIMBONA adahakana koko  yuko hariho ama kaminuza igikorwa co gusuzuma kitagikozwe. Ngo igituma batagikoze ni kubera ko basuzumye ama kaminuza n’imiburi buri amaze gusohora abahejeje.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: