#Burundi: Sororezo, Abantu ba 6 Bo Mu Muryango Umwe Baraye Bapfuye Mu Mvura y’Isegenya Yaguye Mw’ijoro Ryo Kuri Uyu Wa Kane.

Intandaro y’urwo rupfu n’imvura y’isegenya yaguye isitura umusozi urwa ku nzu uwo muryango wari urimwo.

Abantu ba 6 bo mu muryango umwe bagizwe n’abavyeyi n’abana babo  bane nibo bahitanywe n’imvura yaraye iguye ku gacimbiri  Ruyange umutumba  Sororezo komine Kanyosha y’intara ya Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane rishira uwa gatanu.

Intandaro y’urwo rupfu n’imvura y’isegenya yaguye isitura umusozi  urwa ku nzu uwo muryango wari urimwo.

Umuhanuzi wa mu Sitanteri ya komine kanyosha ajejwe imibano n’intwaro yishikiye aho i Sororezo. Akaba yateye akamo abofasha muri ivyo bihe bitoroshe. Ladislas BAZIRUWIHA yashikirije ikigiye gukorwa kugira bimure iyindi miryango iba kuri uwo musozi mu ntumbero yo gukinga amasanganya.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: