#Burundi #Basketball : Dynamo Uhejeje Gutahukana Super Cup Utsinze Urunani.

Dynomo BBC wasumbije abakeba babo Urunani BBC amanota ashika 10 yose.

 

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu gisagara ca Bujumbura, ACBAB wari wateguye inkino bise Super Cup ryogusozera ibikorwa vyaryo  vy’umwaka wa 2017-2018. Inkino zishika kuri zibiri nizo zakinwe harimwo imigwi y’Abawigeze yahuje Amigo na Shining, kurundi ruhande hahura umugwi wa Dynamo BBC wari watahukanye ihiganwa ry’umwaka uheze hamwe n’Urunani BBC wari watahukanye PlayOffs izo nkino zose zabereye ku kibuga co kuri « Département» kuri uyu w’Imana.

Mu rukino rwari rwahuje kare igihe c’isaha 09h00, iyo migwi y’Abawigeze, Shaning niwo watahukanye ico gikombe bise Super Cup mugutsinda Amigo ku manota 52 kuri 40.

Urukino narwo rwari rurindiranywe igishika cinshi rwabaye igihe c’isaha 11h00, Dynomo BBC wasumbije abakeba babo Urunani BBC amanota ashika 10 yose kuko vyarangiye Dynamo BBC ufise amanota 66 kuri 56 y’Urunani BBC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares