Umuriro waradutse mu nzu y’ibiro vy’ishirahamwe Lumitel mu ntara ya Kayanza ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri hafi isaha imwe y’ijoro.
Inkuru ziva mu kayanza zivuga ko ata gikoresho na kimwe casigaye muri ivyo biro vya Lumitel.
Ngo umuriro wagiye kuzima imodoka yagenewe ico gikorwa ivuye mu ntara ya Ngozi ishitse hafi inyuma y’isaha uwo mucanywa wadutse.
Commissaire arongoye igipolisi mu ntara ya Kayanza avuga ko bagitororokanya ivyononekaye.
Tubamenyeshe yuko abakozi babiri b’ishirahamwe Lumitel yo mu Kayanza akaba aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza y’icatumye uwo muriro waduka.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.