#Burundi: Leta y’Uburundi n’Abaserukira ONU Bashize Ku Mukono Amasezerano y’Imfashanyo Igera Ku Miriyoni 783 Za Ma dollars y’Abanyamerica.

UmushikirDomitien NDIHOKUBWAYO amenyesha yuko ibisata vyerekewe n’uyo mugambi ari vyinshi. Ngo hari ibisata bijanye n’iterambere ry’ubutunzi, ibisata bijanye no gufata bantaho nikora, ibijanye n’indero, ibijanye n’amagara y’abantu, ibijanye no gufungura neza n’ibindi.

Leta y’uburundi n’abaserukira ONU bashize ku mukono amasezerano y’imfashanyo igera  ku miriyoni 783 za ma dollars y’abanyamerica. Ngo  ayababa imiriyoni 360 aramaze kuboneka ngo akaba azokora mu kiringo c’imyaka itanu mu mugambi wa Leta  ujanye n’iterambere ″Plan national de développement″ w’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2027.

Umushikiranganji w’ubutunzi Domitien NDIHOKUBWAYO amenyesha yuko ibisata vyerekewe n’uyo mugambi ari vyinshi. Ngo hari ibisata bijanye n’iterambere ry’ubutunzi, ibisata bijanye no gufata bantaho nikora, ibijanye n’indero, ibijanye n’amagara y’abantu, ibijanye no gufungura neza n’ibindi.

Domitien NDIHOKUBWAYO  akavuga yuko iyo uburyo nk’ubwo bubonetse basabwa gushira inguvu hamwe  kugira ubwo buryo bushobore gukoreshwa neza mu migambi ifitiye akamaro igihugu.

Tubamenyeshe yuko Domitien NDIHOKUBWAYO yemeza ko atavyo  ONU  itegeka u Burundi ko bwokora kugira ngo ayo mafaranga atangwe.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: