#Burundi #LigueB : Ibibuga Imigwi Y’intara Za Bubanza, Kayanza, Muramvya na Kirundo Bizokwakirirako Inkino Zayo.

Iyo migwi ituruka murizo ntara  ikaba yahisemwo kwungururiza inkino zayo izoba yakiriye ku bibuga bisanzwe vyegereye cane izo ntara.

Ibibuga vy’Intara za Bubanza, Kayanza, Muramvya na Kirundo  biherutse guhagarikwa n’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mû Burundi FFB, imvo nuko ibibuga vyizo ntara bidakwije ibisabwa na mategeko kugira ngo imigwi isanzwe iva murizo ntara ivyakiriremwo inkino mwenizo zo mucicaro ca kabiri mu Burundi Ligue B. Iyo migwi ituruka murizo ntara  ikaba yahisemwo kwungururiza inkino zayo izoba yakiriye ku bibuga bisanzwe vyegereye cane izo ntara.

  • Les Eléphants FC y’iBubanza izokwakirira inkino zayo i Bujumbura ku kibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore.
  • Royal FC yo mû ntara ya Muramvya izokwakirira inkino zayo i Gitega ku Kibuga Ingoma.
  • Top Junior FC yo mû ntara ya Kayanza yoyo ikazokwakirira inkino zayo i Ngozi ku kibuga co Mu Vyegwa.
  • Busoni Star yo mû ntara ya Kirundo ikazokwakirira i Muyinga ku kibuga Umuco.

Iyo ngingo ikazotangura gushigwa mungiro mu ndwi ya gatatu yiryo higanwa ryo mucicaro ca kabiri Ligue B.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: