#Burundi #SouthAfrica: Frederic Nsabiyumva Yafashije Chippa United Gusezerera Mamelodi Sundowns.

Ku gitsindo ciwe c'umutwe yinjije, Frederic Nsabiyumva yatumye Mamelodi Sundowns usezererwa.

Umukinyi w’inyuma w’Umurundi asanzwe akinira umugwi wa Chippa United wo muri Afrika y’epfyo, Frederic Nsabiyumva w’imyaka 23 yaraye afashije uyo mugwi gusezerera Mamelodi Sondowns mu gikombe gikinirwa muri  South Africa kizwi nka « Nedbank Cup »    kugitsindo ciwe y’injijje mu minota yanyuma.

Chippa United niyo yatanguye kwinjiza igitsindo mugice ca mbere ariko kiza kugomborwa n’umugwi wa Mamelodi Sundowns murico gice nyene baja kuruhuka igitsindo kimwe ku kindi (1-1).

Mugice ca kabiri c’urukino umugwi wa Chippa United  usanzwe utazirwa kandi  « The Chilli Boys » uzakuronka igitsindo mu minota yanyuma yagasunuzo hari k’umunota wa mirongo icenda n’akane (94′) aho umupira wari utewe uvuye ku mfuruka (corner kick), Frederic Nsabiyumva  awuteza umutwe igitsindo kiba kirabonetse giciye mwizamu ryari ricungerewe n’umugande Denis Onyango, Mamelodi Sundowns ubaye urasezerewe gutyo muri Nedbank Cup murukino rwarangiye Chippa United ifise ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Mamelodi Sundowns (2-1). Mamelodie Sundowns waciyemwo uwundi mukinyi w’umurundi Abdoul Razaq Fiston kuri uyu wa gatandatu wabaye umugwi wa mbere uri mukibanza ca gatatu mw’ihiganwa usezerewe n’umugwi uri mu bibanza vyohasi muri Nedbank Cup.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: