#Burundi #IntambamurugambaU20: Joslin Bipfubusa ati « Je Ndakunda Iyo Ntsinzwe Kuko Biduha Icirwa »!

"Tugitangura inkino zokurondera itike, nuko inkino nyishi zo kwitegurira twarazitsinzwe, Messager Ngozi FC yaradutsinze twatsinze urukino rumwe gusa rwa Musongati FC, Umugwi nserukira gihugu ( Intamba murugamba zabakuze) zaradutsinze ngaha nyene kuri Centre Technique National, urumva n'ibintu bidufasha ahubwo je nkunda iyo ntsinzwe niho biduha icirwa hakuguma dutsinda gusa." 

« Je Ndakunda iyo ntsinzwe kuko biduha icirwa » Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umumenyereza w’intamba murugamba zabatarenza imyaka 20, Joslin Bipfubusa mukiganiro yahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa mbere itariki 28 Nzero 2019, akaba yabivuze vyo igihe yariko arasigura kubijanye n’inkino zibiri za kivandimwe Intamba Murugamba za batarenza imyaka 20 zakinye na Uganda zabatarenza imyaka 17 bawutsinda (2-0) hamwe n’urukino batanye mu mitwe na Bujumbura City batsindwa (1-0).

Jewe nibaza yuko iyo umugwi ukinye inkino za kivandimwe nuko tuba dufise ico dushaka kuraba muri make. Ntituba tuje kurondera intsinzi canke kunezera abantu, dukina inkino za kivandimwe kugira ngo turabe amakosa dushobora gukosora mu myimenyerezo. Hama ibi vyerekeye gutsinda, gutsindwa canke kunganya ngirango murashobora kuba mwaripfuje imvura y’ibitsindo kuri Uganda ariko twe tuvugako ivyavuye mururwo rukino twe twarabishimye. Umumenyereza wa kera wa Messager Ngozi Fc Bipfubusa yongeye avuga ati « Tugitangura inkino zokurondera itike, nuko inkino nyishi zo kwitegurira twarazitsinzwe, Messager Ngozi FC yaradutsinze twatsinze urukino rumwe gusa rwa Musongati FC, Umugwi nserukira gihugu ( Intamba murugamba zabakuze) zaradutsinze ngaha nyene kuri Centre Technique National, urumva n’ibintu bidufasha ahubwo je nkunda iyo ntsinzwe niho biduha icirwa hakuguma dutsinda gusa. » 

Intamba murugamba zabatarenza Imyaka mirongo ibiri zikaba ziteguriye guhaguruka ziva mugisagara ca Bujumbura Kuri Uyu wa kabiri zigana muri Niger kwitabira inkino zigikombe ca Afrika kubatarenza imyaka mirongo ibiri urutonde rwa bazogenda rukaba rwitezwe uno munsi nyene mu masaha y’ijoro.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: