#Burundi #Zambia: Laudit Mavugo Yaraye Atsindiye Napsa Stars FC Ibitsindo Bibiri.

Ibi bitsindo vyiwe bibiri yaraye yinjije birashobora gutuma, Laudit Mavugo asubira kugirirwa icizere mu mugwi nserukira gihigu w'Uburundi  Intamba murugamba ni mugihe adaherutse guhamagarwa. 

Kuri uyu w’Imana itariki 27 Nzero 2019 murukino rwa Super League ihiganwa ryo mugihugu ca Zambia, Umukinyi w’Umurundi Laudit Mavugo yaraye atsindiye umugwi wiwe wa Napsa Star FC ibitsindo bibiri vyose murukino rwariko rubahuza n’umugwi wa Nkwanzi ku kibuga ca Napsa Stars FC kizwi nka Woodlands Stadium.

Uyu musatirizi wa kera w’umugwi wa Simba SC wo muri Tanzania yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere k’umunota wa mirongo ibiri na kane (24′) ku mupira mwiza yahawe na Bornwell Mwape imbere yokuja mugice ca kabiri c’urukino Laudit Mavugo ariyongera ikindi ku munota wa mirongo ine wongeyeko iyindi itatu bari bongeyeko (45’+3) ni kumupira mwiza yahawe na  Austin Banda gutyo urukino rurangira Napsa ufise bibiri ku busa bwa Nkwanzi (2-0).

Ibi bitsindo vyiwe bibiri yaraye yinjije birashobora gutuma, Laudit Mavugo asubira kugirirwa icizere mu mugwi nserukira gihigu w’Uburundi  Intamba murugamba ni mugihe adaherutse guhamagarwa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: