#Burundi #LigueB: Inter Star vs Les Eléphants FC hamwe N’izindi Nkino Zitegekanijwe Mumpera Zino Ndwi.

Urukino rurindiranywe igishika cinshi cane ruzoba kuri uyu wa gatandatu ku kibuga Prince Louis Rwagasore, hagati ya Inter Star uramutswa umumenyereza, Aimé Nzohabonayo amaze inkino zibiri zose umugwi wiwe uronka intsinzi, uzohura na Les Eléphants FC wo mu ntara ya Bubanza uramutswa Christian Kabera batazira "Mourihno" yatanguye urukino rwiwe rwa mbere muri uyo mugwi atsinda Les Jeunes Atheletics.

Ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri, Ligue B rizobandanya mu mpera zino ndwi aho rizoba rigeze mu ndwi yaryo ya kabiri kuva kuri uyu wa gatandatu, hategekanijwe inkino zitandatu (6) ku bibuga bitandukanye haba mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu ntara hagati, no kuri uyu w’Imana hategekanijwe inkino zibiri gusa zizosozera iyo ndwi ya gatatu.

Urukino rurindiranywe igishika cinshi cane ruzoba kuri uyu wa gatandatu ku kibuga Prince Louis Rwagasore, hagati ya Inter Star uramutswa umumenyereza, Aimé Nzohabonayo amaze inkino zibiri zose umugwi wiwe uronka intsinzi, uzohura na Les Eléphants FC wo mu ntara ya Bubanza uramutswa Christian Kabera batazira « Mourihno » yatanguye urukino rwiwe rwa mbere muri uyo mugwi atsinda Les Jeunes Atheletics hari mu ndwi ya kabiri yiryo higanwa. Iyindi migwi ikazohura uku gukurikira;

  • Kuri uyu wa gatandatu itariki 02 Ruhuhuma 2019.

13h30 PLR : Muzinga FC vs Volontaire FC de Kanyosha

15h30 PLR : Inter Star vs Les Eléphants FC

14h00 Ivyizigiro: Rumonge City vs Aigle Noir B.

14h00 Urumuri: Buhumuza FC vs Delta Star de Gatumba

13h00  Ingoma : Royal FC de Muramvya vs Unité FC de Muyinga.

15h00 Umuco : Busoni Star vs Lumière FC de Mwumba.

  • Kuri uyu w’Imana itariki 03 Ruhuhuma 2019.

14h00 Sosumo : Moso Sugar vs Top Junior de Kayanza.

15h00 PLR : Burundi Sport Dynamik vs Les Jeunes Athletics.

Tukabibutsa ko mu ndwi ya kabiri Iyo migwi yagiye itsindana uku gukurikira :

Buhumuza FC 2-1 Lumière De Mwumba FC
Unité FC 1-0 Busoni Star FC
Royal FC 0-1 Top junior FC
Les Eléphants FC 2-1 Les jeunes Athletics
BS Dynamik FC 2-1 Aigle Noir B
Delta Star FC 0-0 Moso Sugar FC
Rumonge City FC 3-1 Volontaire Kanyosha FC.

Iyo migwi nayo ikaba irushanya amanota uku gukurikira:

  • Itsinda A 
  • 1. Inter Star FC 6pts +2but
    2. BSDyamic FC 4pts 0but
    3. Les éléphants FC 4pts 0but
    4. Muzinga FC 3pts +2but
    5. Rumonge City 3pts +1but
    6. Aigle Noire B 1pts -1but
    7. Volontaire 1pts -3but
    8. Les jeunes 0pts -1but
  • Itsinda B
  • 1. Buhumuza FC 6pts +2but
    2. Top Junior FC 6pts +2but
    3. Delta Star FC 4pts +1but
    4. Moso sugar FC 4pts +1but
    5.Unite FC 3pts 0but
    6. Busoni Star 0pts -2but
    7. Lumière FC De Mwumba 0pts 0but
    8.Rayol FC 0pts -1but

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: