#Burundi #Scotland: Gael Bigirimana Yasinye Amasezerano Yogukinira Umugwi Wa Hebernian FC.

Hibernian FC washize ahabona ko waguze Gael Bigirimana umukuye muri Motherwell akaba yawusinyiye amasezerano azorangirana n'uno mwaka nyene w'inkino.

Umukinyi wo hagati w’Umurundi asanzwe ari bitumwako mu mugwi nserukira gihugu,  Intamba Murugamba, Gael Bigirimana w’imyaka 25 yahavuye ava mu mugwi wa Motherwell yahora akinamwo wo mugihugu ca Scotland, aja muri Hibernian FC wo murico gihugu nyene usanzwe ukina icicaco ca mbere Scotland-Premiership.

Kuri uyu wa kane mu masaha y’ijoro niho  Hibernian FC washize ahabona ko waguze Gael Bigirimana umukuye muri Motherwell akaba yawusinyiye amasezerano azorangirana n’uno mwaka nyene w’inkino.

Hibernian FC ukaba ubarizwa mu kibanza c’indwi mw’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere rizwi nka « Scotland-Premiership ».

Gael Bigirimana amaze guca mu migwi itandukanye nka Coventry City, Newcastle United yo mugihugu c’Ubwongereza hamwe n’imigwi ya  Rangers FC na Motherwell yose yo mugihugu ca Scotland.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: