#Burundi #Hollande: Ndayishimiye Mike Tresor Ari Mubafashije N.E.C Nijmegen Kuronka Amanota Atatu.

Murivyo bitsindo (4-1) N.E.C Nijmegen yatsinze Jong FC Utrecht, Ndayishimiye Mike Tresor yarijije kimwe ku munota wa 23 w'urukino ibindi bitatu vyijizwa n'umukinyi  Ferdy Druijf

Umusatrizi w’Umubirigi asanzwe afise amamuko yo mugihugu c’Uburundi, Ndayishimiye Mike Tresor w’imyaka 19, ari mubafashije umugwi wiwe wa N.E.C Nijmegen wo mugihugu ca Hollande usanzwe ukina icicaro ca kabiri gutahukana amanota atatu imbere ya Jong FC Utrecht kuntsinzi y’ibitsindo bine kuri kimwe (4-1) murukino rw’indwi ya 23 y’ihiganwa rya Netherlands- Eerste Divisie hari kuri uyu wa gatanu.

Murivyo bitsindo (4-1) N.E.C Nijmegen yatsinze Jong FC Utrecht, Ndayishimiye Mike Tresor yarijije kimwe ku munota wa 23 w’urukino ibindi bitatu vyijizwa n’umukinyi  Ferdy Druijf. Iyotsinzi itumye N.E.C Nijmegen uguma mukibanza ca 15 n’amanota 30 mu migwi 20 isanzwe ikina iryo higanwa ryo mucicaro ca kabiri muri Hollande rizwi nka Netherlands- Eerste Divisie.

Ndayishimiye Mike Tresor nubwo afise amamuko yo mugihugu c’Uburundi nta narimwe arakinira Intamba kiretseko mu minsi yinyuma yarahamagawe mu ntamba za batarenza imyaka 20 ariko umwanya wo gusaba uburenganzira bwo gukinira Uburundi uba mukeyi bivanye nuko amaze gukinira igihugu c’Ububirigi kubatarenza imyaka 17 bigasabwa ko Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, isaba ubwo burenganzira kw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA bwogukinira Uburundi, nkuko vyasiguwe n’uwurongoye FFB, Reverien Ndikuriyo mukiganiro yahaye abamenyesha makuru co kw’itariki 21 Nzero 2019 aho yamenyesheje kandi ko ikibazo ca Ndayishimiye Mike Tresor hamwe na Niyongabire Pacifique akinira Adelaide United muri Australia bazogikemura.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: