#Burundi: Gitega, Ihimbazwa ry’Imyaka 28 Abarundi Biyemereje Amasezerano y’Ubumwe.

Kuri uyu wa kabiri niho hahimbazwa mu gihugu cose imyaka 28 abarundi biyemereje amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Ibirori nyamukuru bikaba vyabereye kuri stade Ingoma, iri ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega, akaba ari umugwa mukuru wa politique. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’abashikiranganji ba leta y’uburundi na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Mw’ijambo umukuru w’igihugu yaraye ashikirije abarundi, Petero NKURUNZIZA avugako imyaka 28 irangiye hateweko umukono ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi ngo ni akaryo ko kwibuka ababungabunze ubwo bumwe bw’abarundi.

Muri iryo jambo akaba yanashimiye, kw’izina ry’abarundi bose basokuru baryumyeko bakabana nk’abavukanyi, bagakingira kandi bakabungabunga igihugu ciza turimwo.

  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -