#Burundi #Kenya: Uburundi Buzohura Na Kenya Mukurondera Itike Ryo Kuja Muri CHAN 2020.

Ni mugihe kurundi ruhande Tanzania yatomboje Soudan. Vyoshika Uburundi canke Kenya kimwe murivyo bihugu coronka uburenganzira bwo kubandanya kizoca gihura hagati ya Tanzania na Soudan.

Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF, ryarashize ahabona uko imigwi iserukira ibihugu izohura  munkino zokurondera itike za CHAN 2020 izobera muri Ethiopia. Izo nkino zisanzwe zihuza Ibihugu vyo muri Afrika ariko bigakoresha  abakinyi basanzwe bakinira mu mahiganwa yo mubihugu iwayo ndetse gusa kandi bakagena bafatiye muturere ibihugu biherereyemwo. Uburundi, Intamba Murugamba watomboye Igihugu ca Kenya isanzwe isangiye akarere k’Afrika y’ubuseruko.

Ni mugihe kurundi ruhande Tanzania yatomboje Soudan. Vyoshika Uburundi canke Kenya kimwe murivyo bihugu coronka uburenganzira bwo kubandanya kizoca gihura hagati ya Tanzania na Soudan.

Izo nkiko za CHAN zikaba zibo uko imyaka 2 iheze, iyo mu mwaka 2018 ikaba yabereye mugihugu ca Maroc ndetse ico gihugu nyene kirayitahukana. Muncuro zitanu ico gikombe kimaze gukinwa Uburundi bumaze kucitabira rimwe muri 2014 zabereye muri Afrika y’epfo. Ikiringo izongino zugukura kuranamwo aho zizotangurira ntikiramenyeshwa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: