#Burundi #LigueB: Vyanka Bikunda BS Dynamik Gutsinda Inter Star Ningombwa!

Vyanka bikunda BS Dynamik gutsinda Inter Star ningombwa murukino rwo kuruyu w’Imana rw’indwi ya kane y’ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri Ligue B. Ivyinibishikirizwa na Papi Sadi amenyereza BS Dynamik.

« Ha ha ha! Ivyo navuze nibirya nyene kandi sinshobora guhindura intsinzi ni ngombwa kandi urukino rwaheze kuko narutsinze kandi ntabwoba mfise murukino rw’ejo. »

Uyo mukinyi wa kera wa Inter Star akaba ashikiriza ivyo atabwoba burimwo ndatse akavugako impamvu zitumya avuga ivyo urukino rutaraba nuko azi neza Inter Star.

« Ntakintu twibikiye gusa nuko Inter Star ari umugwi nakiniyemwo ndawuzi neza cane, ntabwo mfise kandi barya ndabazi niyo mpamvu ndabivuze kandi ndabivuze urukino rw’ejo nurukino rutoyi cane kuko ndayizi neza Inter Star. »

Papi Sadi umumenyereza wa BS Dynamik yarangije asaba abakunzi ba Inter Star kwemera ivyo bazokwibonera ejo ndetse ntibashwane.

« Abakunzi Inter Star nuko boza amahoro basubire amahoro ntibashwane kuko urukino narurangije »

Urwo rukino rukaba rwitezwe ejo igihe c’isaha 16h 00 kukibuga Prince Louis Rwagasore  hagati ya Inter Star uramutswa Aimé Nzohabonayo  na BS Dynamik iramutswa Papi Sadi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: