#Burundi #PrimusLigue : Musongati FC vs Vital’O FC, LLBS4A vs Aigle Noir Hamwe Nizindi nkino Zitegekanijwe Mundwi Ya 22.

Muri rusangi uko imigwi izohura yose ibibuga n'amasaha nuku gukurikira.

Inyuma yo guhagarara iminsi itari mike, Ihiganwa rya Primus Ligue Burundi riragarutse mu mpera zino ndwi kubibuga bitandukanye aho rizoba rigeze mu ndwi yaryo ya 22. Zimwe mu nkino zikomakomeye zizokinwa mu ndwi riyi ndwi ya 22 ni nka Musongati FC imenyerezwa na Nimubona Thierry batazira « Shombe » izoba yakiriye kuri uyu wa gatandatu ku kibuga Ingoma umugwi wa Vital’O FC imenyerezwa na Jean Gilbert Kanyenkore. Lydia Ludic Sport 4 Africa ku kibuga Prince Louis Rwagasore izoba iriko iratana mu mitwe na Aigle Noir kuri uyu w’Imana. Muri rusangi uko imigwi izohura yose ibibuga n’amasaha nuku gukurikira:

Kuri uyu wa gatanu itariki 15 Ruhuhuma 2019.

16h00′ Rukinzo FC Vs Bumamuru FC (Stade PL Rwagasore)

15h00′ Kayanza United Vs Bujumbura City (Stade Urukundo)

Kuri uyu wa gatandatu itariki 16 Ruhuhuma 2019.

 13h30′ Athletico Olympic Vs Olympic Star (Stade PL Rwagasore)

16h00′ Les Lierres FC Vs Ngozi City (Stade PL Rwagasore)

15h00′ Messager Ngozi Vs Messager Bujumbura (Stade Urukundo)

15h00′ Musongati FC Vs Vital’O FC (Stade I Ngoma)

15h00′ Flambeau de l’est Vs Flambeau du centre (Stade Urumuri)

Kuri uyu w’Imana itariki 17 Ruhuhuma 2019.

16h00′ Lydia Ludic S4A Vs Aigle Noir C.S (Stade PL Rwagasore)

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: