#Afrika #Mali #Burundi: Mali Yaraye Itahukanye Igikombe C’Afrika, Ndaye Chancel Yinjira Murutonde Rw’Abakinyi 11 Bigenjeje Neza.

Abakinyi icumi n'umwe (11) bigenjeje neza gusumba abandi murico gikombe caraye kirangiye muri Niger, dusangamwo umurundi umwe gusa Ndaye Chancel umukinyi w'inyuma kuruhande rw'iburyo w'Intamba murugamba U-20 na Rukinzo FC.

Ihiganwa ry’Igikombe c’imigwi nserukira gihugu  c’Afrika ku batarenza imyaka mirongo ibiri ryaraye rirangiye kuri uyu w’Imana mu gihugu ca Niger aho ryariko rirabera. Umugwi nserukira gihugu wa Mali U-20 niwo wagitahukanye utsinze Igihugu ca Sénegal U-20 kuri penalty zitatu kuri zibiri (3-2), inyuma yo kunganya kimwe ku kindi (1-1) murukino rwose.

Bubaye ubwa mbere Igihugu ca Mali gitahukanye ico gikombe mumateka yayo, nayo Sénégal niyo iherutse kuja mugice ca nyuma incuro zi tatu yikurikiranya ariko ntigitahukane kuva muri 2015, 2017, 2019. Urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu, Afrika y’efyo niwo watahukanye ico kibanza ca  gatatu utsinze Nigeria kuri Penalty ( 3-5). Nigeria U-20 niwo umaze kugitahukana kenshi incuro 7, ugakurikirwa na Egypte gifise ibikombe bine (4), Ghana gifise ibikombe bi tatu (3). Cameroun, Mali, Algeria, Congo, Zambia, Maroc na Angola bifise kimwe kimwe.

Abakinyi icumi n’umwe (11) bigenjeje neza gusumba abandi murico gikombe caraye kirangiye muri Niger, dusangamwo umurundi umwe gusa Ndaye Chancel umukinyi w’inyuma kuruhande rw’iburyo w’Intamba murugamba U-20 na Rukinzo FC ni mugihe Uburundi nabwo bwari bwaritabiriye iryo higanwa nubwo bwaviriyemwo mugice cambere aho bwari mw’itsinda rya mbere A hamwe n’ibihugu nka Niger, Nigeria na South Afrika.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: