#Burundi #PrimusLigue: Uku Niko Imigwi Yatsindanye Mu Ndwi Ya 22 Ya Primus Ligue.

Indwi ya 22 ikaba rero yaratanguye icese kuva kuri uyu wa gatanu indwi iheze aho Messager Ngozi FC wabereye igisiga cirabura umugwi wa Messager Bujumbura ubatsinze ibitsinzo bitanu kuri kimwe (5-1). Aigle Noir nawo kuri uyu w'Imana unyagira Lydia Ludic ibitsindo bitandatu kuri kimwe (6-1).

Mumpera zino ndwi ihiganwa rya Primus Ligue Burundi, icicaro ca mbere zarasubiriye gutangura inyuma yo guhagarikwa hafi ukwezi kumwe bivanye nuko Intamba murugamba zari zitabiriye inkino z’imigwi nserukira bihugu vy’Afrika zabatarenza imyaka mirongo ibiri zariko zibera i Niger. Indwi ya 22 ikaba rero yaratanguye icese kuva kuri uyu wa gatanu indwi iheze aho Messager Ngozi FC wabereye igisiga cirabura umugwi wa Messager Bujumbura ubatsinze ibitsinzo bitanu kuri kimwe (5-1). Aigle Noir nawo kuri uyu w’Imana unyagira Lydia Ludic ibitsindo bitandatu kuri kimwe (6-1).

Muri rusangi inkino zose zagenze uku gukurikira.

 

Athletico Olympic 3-0 Olympic Star
Flamb.Est 1-2 Flambeau Du Centre
Musongati 0-1 Vital’O FC
Kayanza United 1-2 Bujumbura City
Les Lierres 1-0 Ngozi City

Rukinzo 0-1 Bumamuru
Messager Ng. 5-1 Messager Bujumbura

Lydia Ludic 1-6 Aigle Noir.

Aigle Noir uracaza mu kibanza ca mbere n’amanota 54, ukarusha Musongati FC amanota 12  ufise ikibanza ca kabiri n’amanota 42, Vital’O FC ufata ikibanza ca gatatu n’amanota 37 mu kibanza ca kane haza Bujumbura City n’amanota 33. Mubibanza bitatu vyanyuma haza Flambeau De L’est ufise amanota 23 ukayanganya na  Olympic Star ufise amanota 23 Messager Bujumbura ukaza mu kibanza ca nyuma.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares