#Burundi: Uku Niko Inkino Zagenze Z’indwi Ya 23 Ya Primus Ligue.

Aigle Noir C.S nayo irabandanye yerekana ubuhangange bwo kwerekana ko ishaka igikombe c'uno mwako aho watsinze kandi umugwi wa Ngozi City ibitsindo bitanu kuri Kimwe (5-1) ku kibuga Ingoma hari kuri uyu wa gatatu.

Kuva kuri uyu wa kabiri, gushika kuri uyu wa gatatu, Ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryari ryabandanije aho ryari rigeze mu ndwi yaryo ya mirongo ibiri na gatatu (23).

Umugwi wa Messager Ngozi FC inyuma yo kunyagira Messager Bujumbura ibitsindo (5-1) wasubiriye kuvyifatamwo neza kuri uyu wa gatatu ku kibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore aho wahatsindiye Bumamuru FC ibitsindo bitatu kuri kimwe (1-3). Aigle Noir C.S nayo irabandanye yerekana ubuhangange bwo kwerekana ko ishaka igikombe c’uno mwako aho watsinze kandi umugwi wa Ngozi City ibitsindo bitanu kuri Kimwe (5-1) ku kibuga Ingoma hari kuri uyu wa gatatu. Olympic Star nawo urabanda uri muyabira aho ku kibuga cayo Umuco waremeye kuhatakariza imbere ya Vital’O FC ibitsindo bibiri ku busa (0-2).

Muri rusangi uku niko imigwi yagiye itsindana.

Bujumbura City 2-0 Flambeau De L’est.

Flambeau Du Centre 3-0 Les Lierres FC.

Kayanza United 1-2 Musongati FC.

Rukinzo FC 0-1 Messager Bujumbura.

Bumamuru FC 1-3 Messager Ngozi FC.

Olympic Star 0-2 Vital’O FC.

Aigle Noir 5-1 Ngozi City

Athletico Olympic 1-0 Lydia Ludic S 4
Africa.

Aigle Noir C.S uracari mu kibanza ca mbere n’amanota 57, ugakurikirwa na Musongati FC n’amanota 45, Vital’O FC ufata ikibanza ca gatatu n’amanota 40, Bujumbura City uranganya amanota na Messager Ngozi FC ariko igatana mu budasa bw’ibitsindo, aho Buja City ufise ibitsindo 7, Messager Ngozi nayo ibitsindo 5. Mu bibanza bitatu vyanyuma vyo gukoroka icicaro hariho umugwi wa Flambeau De L’est mu kibanza ca 14 n’amanota 23, Olympic Star ufata ikibanza ca 15 n’amanota 23 nayo Messager Bujumbura ufata ikibanza ca nyuma n’amanota 23.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: