#Burundi: Abanyeshure Bananiwe Ivyigwa Mu Myaka y’Icenda y’Ishure Nshingiro Bafise Amanota Make Bagiye Kuja Mu Mashure y’Imyuga.

Ngo umugwi wa mbere nuw’abafise amanota meza mw’ishure, abo baca baja kwiga mu mashuri y’imyuga. Umugwi wa kabiri ni ababa baronse amanota adakwiye mw’ishuri ngo abo bashobora gusubiramwo umwaka bivanye n’ibibanza bihari n’amanota baronse.

Abanyeshure bananiwe ivyigwa mu myaka y’icenda y’ishure nshingiro bafise amanota make bagiye kuja mu mashure y’imyuga, abatoye i kibazo ca leta co mwaka w’icenda nibo bemerewe kwiga ku mashure akurikira amashure nshingiro. Ivyo vyafundikiwe mu nama nshikirananji yakoranye muri ino ndwi yabereye ku mugwa mukuru wa politique i Gitega.

Prosper NTAHOGWAMIYE umunyamabanga  akaba n’umuvugizi wa leta akavuga ko iyo ntegura nshasha ari itegeko rigenga inyigisho rikaba ryashikirijwe n’umushikiranganji w’indero, inyigisho z’ubuhinga n’imyuga.

Prosper NTAHOGWAMIYE amenyesha yuko mw’ishirwa mu ngiro ry’itunganywa gushasha ryi’nyigisho ryatanguje ishure nshingiro kuva mu mwaka 2013 harashizweho ikibazo ca leta giha uburenganzira umunyeshure kuja mu mashure akurikira ishure nshingiro. Ico kibazo kikaba cakozwe irya mbere mu mwaka wa 2015 ushira umwaka 2016. Ngo gushika uyu musi ico kibazo kirekuriwe abanyeshure bose biga mu mwaka w’icenda haba mu mashuri ya leta canke ayabigenga.

Ngo abatoye ico kibazo rero nibo bemerewe kwiga ku mashure akurikira amashure nshingiro naho ibibazo vyo mw’ishuri biba vyabananiye.

Prosper NTAHOGWAMIYE asigura yuko abananiwe n’ico kibazo ca leta baja mu migwi ibiri. Ngo umugwi wa mbere nuw’abafise amanota meza mw’ishure, abo baca baja kwiga mu mashuri y’imyuga. Umugwi wa kabiri ni ababa baronse amanota adakwiye mw’ishuri ngo abo bashobora gusubiramwo umwaka bivanye n’ibibanza bihari n’amanota baronse.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: