#Europe: Karim Benzema Yaraye Yibwe Muhira Iwe.

El Chiringuito kuri uyu wa kane camenyesheje ko abasuma bivye ibintu bitandukanye kumuhana wuyo mukinyi wa kera wa Lyon mugihe yari mukibuga i Santiago Bernabeu.

Mugihe umugwi wiwe wariko uratsindirwa ku kibuga Santiago Bernabeu, kuri uyu wa gatatu mu gikombe c’Umwami na FC Barcelona (0-3) mu rukino rwo gusubiriza mugihe murukino rwa mbere imirwi yose yari yanganije (1-1) , Karim Benzema yaraye yibwe n’abasuma muhira iwe.

Ikinyamakuru cabanya Espagne, El Chiringuito kuri uyu wa kane camenyesheje ko abasuma bivye ibintu bitandukanye kumuhana wuyo mukinyi wa kera wa Lyon mugihe yari mukibuga i Santiago Bernabeu.

Karim Benzema w’imyaka 31 aje kwiyongera kubandi bakinyi bamaze kwibwa nka  Kevin Prince Boateng umusatirizi wa FC Barcelone, hamwe no kubandi bakinyi batatu ba Paris Saint Germain Thiago Silva, Dani Alves na Eric Maxim Choupo-Moting.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: