#Burundi: Ikirangaminsi c’Inkino Zigice 8 z’Igikombe Citiriwe Umukuru w’Igihugu.

Ku kibuga Ingoma i Gitega kuri uyu w'Imana hazoca uwambaye hagati ya Flambeau Du Centre na Musongati FC imirwi yose y'i Gitega.

Inkino z’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu zizobandanya mu mpera yino ndwi mugice cayo c’umunani gishira icanyuma kubibuga bitandukanye vy’Igihugu. Lumière De Mwwumba wasezereye Vital’O FC kuri Pénalty (5-4), uzocakirana na Aigle Noir wasezereya nawonyene Busoni Star wo mu ntara ya Kirundi. Ku kibuga Ingoma i Gitega kuri uyu w’Imana hazoca uwambaye hagati ya Flambeau Du Centre na Musongati FC imirwi yose y’i Gitega. Uku niko inkino zose zizokinwa, naho zizokinirwa, amasaha hamwe n’iminsi zizokinirwako.

Kuri uyu wa gatandatu itariki 02 Ntwarante 2019.

 13h30′: Les Lierres Vs LLB S4A (Stade PL.Rwagasore)

15h30′: Bujumbura City Vs Inter Star (Stade PL.Rwagasore)

13h00′: Lumière de Mwumba Vs Aigle Noir C.S (Stade Umuco)

13h00′: Moso Sugar Vs Rukinzo FC (Stade I Ngoma)

15h30′: Flambeau de l’Est Vs Messager Ngozi (Stade Ingoma)

Kuri uyu w’Imana itariki 03 Ntwarante 2019.

13h00′: Kayanza United Vs Messager Bujumbura (Stade I Ngoma)

15h30′: Flambeau du Centre Vs Musongati FC (Stade I Ngoma)

15h00′: Top Junior Vs Ngozi City (Stade Umuco)

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: