#Burundi #Basketball: Dynamo Ntiyarekuye Ngo Igikombe Kije Ahandi.

Murukino rwanyuma Dynamo watanye mû mitwe n'Urunani BBC maze Dynamo uronka intsinzi y'amanota 54 kuri 47 y’Urunani.

Muntumbero yo guhimbaza Imyaka 50 kuva umurwi wa Dynamo ubaho, wari warateguye ibirori bise « Dynamo Golden Jubilee » vyo guherekeza iyo myaka yose ubaho  mugutumira iyindi mirwi isanzwe ikina umupira wa maboko kuza kubafasha ivyo birori vyabereye kukibuga co kuri Département.

Copyright Akezanet

Murukino rwanyuma Dynamo watanye mû mitwe n’Urunani BBC maze Dynamo uronka intsinzi y’amanota 54 kuri 47 y’Urunani.

Kuruhande rw’abigeme Berco Stars nawo wirahira abakeba babo Les Gazelles mu rukino rwanyuma bawusumbije inota rimwe gusa 40 kuri 39.

Hakizimana Jean wa Dynamo na Malick Ngenzahayo w’Urunani batorwa nk’abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi.

Tukabibutsako imigwi yari yitabiriye iryo higanwa ryatunganijwe na Dynomo ari: Urunani, New Star, Dynamo New Look, Gymkhana, Target hamwe na Imbeya aho ni kuruhande rw’abagabo. Kuruhande rw’abigeme ni Berco Stars na Les Gazelles.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: