#Burundi: Ubugenduzi Bukuru Bw’Igipolisi Burabujije Abapolisi Kuja Mu Bu Nywero Bafise Ibikoresho Vy’Akazi Canke Bambaye Impuzu Zibaranga.

Muri urwo rwandiko ubutumwa burimwo bwitiriwe ″Ingingo ngenderwako zijanye n’umutekano″, ubugenduzi bukuru bw’igipolisi bwafashe ingingo zitandukanye.

 

Mw’ikete ryarungikiwe aba comissaires bakuru  bose, abarongoye ibiro vy’igipolisi hamwe naba commissaire batwara uburere, umugenduzi w’igipolisi abuza abo ba polisi kandi ko boja mu karuhuko bitwaje ivyo bikoresho vy’akazi.

Muri urwo rwandiko ubutumwa burimwo bwitiriwe ″Ingingo ngenderwako zijanye n’umutekano″, ubugenduzi bukuru bw’igipolisi bwafashe ingingo zitandukanye. Muri izo ngingo harimwo ko ama grenade yose ategerezwa kubikwa mu bubiko bw’ibirwanisho.

Urwo rwandiko kandi ruvugako ibirwanisho bizofatwa mu bikorwa vyo gusaka bizoza bishikanwa mu gisata kijejwe ububiko bwavyo.

Ngo aba polisi bazoja mu bunywero bafise ibirwanisho canke bambaye impuzu z’akazi ngo bazohanwa vy’akarorero.

Urwo rwandiko nyene ruvuga ko kizira kikaziririzwa kwihanira ku bantu bagirizwa uburozi nayo inyamiramabi zigasabwa gukora amatohoza yimbitse aho gufatira kuvyo bene abo bantu baba biyemereye.

Urwo rwandiko kandi rubuza abapolisi gufata amasanamu no kuyarungika ku mbuga ngurukanabumenyi iyo bari mubikorwa bimwe bimwe. Ngo uwuzobikora akazofatirwa ibihano vyakazi bita ″ mesures disciplinaires″. Urwo rwandiko ruheraheza rusaba aba comissaires batwara uburere gufata ingingo zihuta iyo habaye ibikorwa bihohotera agateka kazina muntu mu burere batwara.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: