#Burundi: Aigle Noir Yatahukanye Igikombe ca Primus League Uno Mwaka.

Bubaye ubwambere k'umurwi wa Aigle Noir utahukana igikombe ca Primus League kuva ugitangura gukina icicaro ca mbere muri 2007.

 

Nubwo watsinzwe na Olympic Star (3-2) mu ndwi ya 26 ya Primus League Burundi, ntivyabujije  Aigle Noir (The Fighters) umurwi wo mu ntara ya Makamba gutahukana igikombe ca Primus League Burundi uno mwaka w’inkino wa 2018-2019 biturutse mukunganya kwa Musongati FC na Flambeau Du Centre (1-1).

Ukunganya kwa Musongati FC ariwo warufise ikibanza ca kabiri vyaciye bituma haba itandukanyiro ry’amanota 13 hagati ya Aigle Noir na Musongati FC mugihe hasigaye inkino zine kugira ihiganwa rirangire.

Bubaye ubwambere k’umurwi wa Aigle Noir utahukanye igikombe ca Primus League kuva ugitangura gukina icicaro ca mbere muri 2007.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: