#Burundi #Bujumbura : Vietel FC Na Rutumo Star Niyo Mirwi Yatahukanye Amahiganwa Yo Muri Komine Muha Mugisagara Ca Bujumbura.

Umusatirizi wa  Vietel FC  Vyamungo Olivier  na Sibomana Diomède wa Rutumo FC akaba aribo batowe nk’abasatirizi binjije ibitsindo vyinshi muriryo higanwa.   

Kuri uyu w’Imana niho ishirahamwe r’umupira wa maguru muri komine Muha mu ntara ya Bujumbura ariho ryasozereye amahiganwa ya bakiri bato bari musi y’imyaka 14 (minime) hamwe no kubari musi y’imyaka 17 (Cadets) ku kibuga c’umupira kiri muri zone Musaga benshi bita kuri  « Sokarti ».

Kuruhande rw’aba minime, n’umurwi wa Vietel FC wo muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge watahukanye igikombe utsinze murukino rwa nyuma umurwi wa Authentique FC wo muri zone Kanyosha i Bujumbura igitsindo kimwe ku busa (1-0). Vietel FC uzoca ukina icicaro ca cadet mu mwaka uza.

Ihiganwa ry’aba cadet naryo ritahukanwa na Rutumo Star wo mu ntara ya Rumonge utsinze vyoroshe umurwi wa Metalco FC ibitsindo bibiri ku busa (2-0). Ivyo bitsinde vyose vya bonetse mugice ca kabiri c’urukino bikaba vyinjijwe n’umukinyi w’inyuma wa Rutumo Star, John kuri coup-franc hamwe na  Sibomana Diomède  yinjije abanje gucenga abakinyi binyuma hamwe n’umunyegori wab Metalco FC. Rutumo Star uzoca userukira komine Muha mucicaro ca kane (4ème Division).

Umusatirizi wa  Vietel FC  Vyamungo Olivier  na Sibomana Diomède wa Rutumo FC akaba aribo batowe nk’abasatirizi binjije ibitsindo vyinshi muriryo higanwa.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: