#Burundi #CongoBrazzaville : Urutonde rw’abakinyi 26 b’Uburundi U-23 Batumweko Gutegura Urukino Rwa Congo Brazzaville U-23.

Intamaba Murugamba zabatarenza imyaka 23 bazokina inkino zibiri n’Igihugu ca Congo Brazzaville c’abatarenza iyo myaka nyene, urukino rugira indwi ya kabiri y’ikurakuranwamwo mukurondera itike z’igikombe c’imirwi nserukira bihugu muri Afrika kubatarenza imyaka mirongo ibiri n’itatu (CAN U-23) zizobera muri Misiri 2019

Inyuma yo guusezerera igihugu ca Tanzania U-23 kuri (2-0, 3-2), Intamaba Murugamba zabatarenza imyaka 23 bazokina inkino zibiri n’Igihugu ca Congo Brazzaville c’abatarenza iyo myaka nyene, urukino rugira indwi ya kabiri y’ikurakuranwamwo mukurondera itike z’igikombe c’imirwi nserukira bihugu muri Afrika kubatarenza imyaka mirongo ibiri n’itatu (CAN U-23) zizobera muri Misiri 2019. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, ryashize ahabona urutondera rw’abakinyi bagiye kwitegurira urwo rukino. Urwa mbere rukaba rutegekanijwe itariki 20/03/2019 inyuma y’indwi imwe gusa bakazokina urwo gusubiriza ruzobera i Brazzaville. Imyimenyerezo itegekanijwe kuri uyu wa mbere isaha icenda kuri Centre Technique National mu Ngagara.

Rukundo Onesime (Messager ngozi)
Mutombora Fabien (Vipers)
.Ndizeye Aimé Fales (Aigle noir)
Moussa Muryango (Vital’o Fc)
Éric Ndizeye (Musongati)
Moussa Omar (Sofapaka)
Chancel Ndaye (Rukinzo)
Kashindi Joseph (Musongati)
Ndikumana Chris (Musongati)
.Bigirimana Ramadhan(Stand United)
Nahimana Moussa(Global football academy)
.Nyange Yousouf (Aigle noir)
Shabani Muryango Mabano (Aigle noir)
Ndikumana Moussa (Bujumbura city)
Ndikumana Trésor (Amagaju)
Iddy Museremu (Messager ngozi)
Kanakimana Bienvenue (Aigle noir)
Aoron Musore (Musongati)
Amissi Mohamed (Nac breda)
Mavugo Cédric (Aigle noir)
Saïdi Irakoze (Musongati Fc)
Gakiza Aimé (Messager Bujumbura)
Shaka Bienvenue (Etoile du Sahel)
Éric Ndoriyobija (Stand united)
Jules Ulimwengu (Rayon sport)
Kubuntu Ismaïl (L.L.B S4A).

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: