#Burundi #Tanzania: Jonathan Nahimana Arashobora Kuzosiba Urukino Rwa Gabon?

 Nivyo nakomeretse kuva kare, ariko ntabwo nabandanije gukina  kunguvu kugira ngo nikingire kutababara cane.

Umunyegori inimero imwe mu ntamba murugamba no muri Kinondoni Municipal Council FC wo muri Tanzania, Jonathan Nahaima yarasohotse mukibuga kubwimvune murukino umurwi wiwe wa KMC wariko uratsindwa na Yanga Africans (2-1) mw’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier League.

Uyo munyegori wakera wa Vital’O FC yasohotse mu kibuga  mugice ca kabiri kubera imvune asubirizwa na Juma Kaseja. Imvune yiwe irashobora kuzotuma asiba urukino rukurikira rw’Uburundi na Gabon ?

« Nivyo nakomeretse kuva kare, ariko ntabwo nabandanije gukina  kunguvu kugira ngo nikingire kutababara cane. Niyo mpamvu naciye mva mukibuga kugira ngo bamvure hama mu minsi ibiri nzoba meze neza kuko  imvune yanje ntabwo iteye ubwoba. »

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: