#Burundi: Uku Niko Imirwi Yo Mucicaro Ca Kabiri Ligue B Yatsindanye Mu Ndwi 7.

Uku niko imwe muriyo yatsindanye hamwe n'ingene iyindi igiyeguhura uyu munsi.

Kuva kuri uyu wa gatanu w’indwi iheze gushika kuri uyu wa mbere  imirwi  yo mucicaro ca kabiri mu Burundi iri mundwi yayo yanyuma irangiza igice ca mbere c’ihiganwa rya Ligue B (Phase Aller). Uku niko imwe muriyo yatsindanye hamwe n’ingene iyindi igiyeguhura uyu munsi.

Kuri uyu wa gatanu itariki 08 Ntwarante 2019 harakinywe inkino zibiri ku kibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore.

B.S.Dynamik 2-1  Muzinga FC
Aigle Noir B 1-4 Inter Star

Kiri uyu wa gatandutu itariki 9 Ntwarante  hasubira gukinwa izindi nkino zibiri.

ku kibuga Gatwaro mu ntara ya Kayanza: Top Junior 3-0 Lumière FC Mwumba.

Ku kibuga Umuco i Muyinga: Busoni Star 5-1 Moso Sugar

kuri uyu w’Imana itariki 10 Ntwarante hakinwa izindi nkino zibiri.

Ku kibuga Umuco i Muyinga: Unité FC 1-2 Delta Star

Ku kibuga Ingoma i Gitega: Royal FC 4-0 Buhumuza FC.

Kuri uyu wa mbere itariki 11 Ntwarante hategekanijwe inkino zibiri.

Volontaire Fc vs Les Jeunes Athletics : ku kibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore.  15h00′
Les Éléphants FC vs  Rumonge City : Ku kibuga i Bubanza : 15h00′

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: