#Burundi: Ubutumwa Bukomeye Cane Bwa Fiston Abdoul Razaq Yahaye Abarundi Murukino Rwa Gabon.

Ubutumwa nshaka gutanga nuko abarundi bose twoja kumavi tugasaba Imana urukino rwa Gabon tuzorutsinde.

Mugihe hasigaye indwi imwe gusa kugira ngo umurwi nserukira gihugu w’Uburundi, Intamba murugamba utane mumitwe n’igihugu ca Gabon murukino rwanyuma rwo kurondera itike z’igikombe c’Afrika CAN 2019 zizobera muri Misiri. Fiston Abdoul Razaq asanzwe ariwe musatirizi afise ibitsindo vyinshi   bitandatu mu rizino nkino zo kurondera itike z’igikombe c’Afrika akabinganya Ighalo wa Nigeria yasavye abarundi kubanda babashigikira murugamba batanguranye, akabizeka kandi ko atagisivya bazotsinda urukino rwa Gabon.

« Ntagure ndamutsa abarundi muri rusangi, hamwe n’abakunzi twifadikanije urugamba gushika ngaha tugeze uyu munsi. Ubutumwa nshaka gutanga nuko abarundi bose twoja kumavi tugasaba Imana urukino rwa Gabon tuzorutsinde. Dusabwa gutsinda canke kunganya ariko ndafise icizere ko tuzotsinda. Ariko ivyo ntibibe mumajambo gusa, turushirizeho ibikorwa ndizeye ko Imana turi kumwe. Uravye aho twatanguriye gushika ngaha ntarukino narumwe turatakaza. Ndizeye ko tuzovyifatamwo neza. Ikindi nshobora kuvuga kubijanye n’urukino twakinye na Soudan y’epfo, nuko kuruhande rwanje nararyohewe cane kubera ko twatsinze ibitsindo vyinshi si bintu bisanzwe kuri twebwe. Hama kuba narinjije ibitsindo, vyarampaye icizero, nico cizere nyene nzoza mfise murukino rwa Gabon, hama ntiwibagire ko tunganya ibitsindo na Ighalo umusatirizi wa Nigeria kubwivyo rero ndipfuza kurangiza izi nkino ndi mukibanza ca mbere ca batsinda vyinshi. Kugira ngo nshike kurivyo vyose nuko ndushirizaho gukora cane. Nkuko nabivuze, kuruhande rwanje  ndafise icizere ko tuzotsinda, ufatiye ko turi muhira, bisabwa rero ko twese twitanga kuco dufise cose. Aka karyo turonse bidusaba kugakoresha neza. Turindiriye inota rimwe gusa ni vyiza ko twitanga. Vyarivyo bike nari ndabafitiye ndabashimiye cane. »   Ivyo akaba yabishikirijemukiganiro yaduhaye.

Urashobora kuvyumva ngaho musi kuri Audio.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: