#Burundi : Uku Niko Abakinyi b’Intamba Murugamba Bazoza Barashika Mu Myimenyerezo Bavuye Hanze y’Igihugu.

Abamaze gushika mugihugu c’Uburundi ni Jonathan Nahimana hamwe na kizigenza w’intamba murugamba Ndikumana Yamin Seleman.

Mugihe hasigaye indwi imwe gusa kugira ngo umurwi nserukira gihugu w’Uburundi, Intamba murugamba utane mumitwe n’igihugu ca Gabon murukino rwanyuma rwo kurondera itike z’igikombe c’Afrika CAN 2019 zizobera muri Misiri. Abakinyi babarundi basanzwe bakina hanze y’Igihugu bazogenda barashika mu myimenyerezo uku gukurikira nkuko vyamenyesheje n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB.

Kuri uyu w’imana itariki  17/ Ntwarante 2019 :

– 9h10’ : Moussa Omar (Sofapaka) muri Kenya, Shassir Nahimana  (El Mojzel) muri Arabie Saoudite bazoza na Kenya Airways

 -17h 10: Justin Ndikumana wa (Sofapaka) muri Kenya na    Amissi Mohamed  (Nec Brenda) muri Hollande bazoza na Rwandair

Kuri uyu wa mbere  le 18/Ntwarante 2019 :

9h00 na Kenya: Laudit Mavigo waa (       Naps) muri Zambia  na Arakaza Mc Arthur wa (Lusaka Dynamos) muri Zambia hamwe na, Saido Berahino wa (Stoke City) mu bwongereza

13h20’: Gael BIGIRIMANA wa (Hibernanian) wo muri Ecosse bazoza na Ethiopian

– Kuri uyu wa kabiri  19/Ntwarante 2019 :

7h30: Nduwarugira Christophe Lucio, Nsabumukama Enock, Mustapha Francis na David Nsimirimana bazoza na Kenya Airways

13h30: Hussein Shaban TChabalala azoza na Ethiopian Airline

17h 10: Papy Faty na Rwandair

– Kuri uyuwa gatau itariki 20/Ntwarante 2019 :

9h00: Abdoul Raz Fiston.

Abamaze gushika mugihugu c’Uburundi ni Jonathan Nahimana hamwe na kizigenza w’intamba murugamba Ndikumana Yamin Seleman.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: