#Europe: Luka Jovic Abaye Umusatirizi Agira Gatatu FC Barcelona Irondeye Mukuza Gufasha Luis Suarez.

Uwundi musatirizi FC Barcelona yipfuza cane n’umunya Serbia akiri muto w’imyaka 21 wa  Eintracht Frankfurt wo mu Budangi, Luka Jovic yegukira Benfica amaze  gutsind ibitsindo 22 hamwe na mapasi avamwo ibitsindo 7 (passe décisive) mu nkino zose uno mwaka.

FC Barcelone urabandanya urondera  uwoza gusubirira neza umusatirizi wabo Luis Suarez ariko arasaza n’imyaka 32, nawo uriko ubandanya  urondera bandi basatirizi boza gufata ico kibanza ciwe.

Inyuma yo kugerageza kurondera umusatirizi wa Celta Vigo, Maxi Gomez w’imyaka 22 hamwe na Rodrigo w’imyaka 28 umusatirizi wa FC Valance,  uyo murwi urabanda urondera abandi batandukanye nkuko Radio espagnole Esports yabimenyesheje.

Uwundi musatirizi FC Barcelona yipfuza cane n’umunya Serbia akiri muto w’imyaka 21 wa  Eintracht Frankfurt wo mu Budangi, Luka Jovic yegukira Benfica amaze  gutsind ibitsindo 22 hamwe na mapasi avamwo ibitsindo 7 (passe décisive) mu nkino zose uno mwaka.

Iyo radio ivugako Barcelone yaronse umwanya wo kwitegereza neza uyo munya Serbia igihe  Eintracht Frankfurt wariko utana mu mitwe na Inter Milan mugice c’umunani gishira icanyuma muri Europa League, niko guca ufata umwanya wo kuvugana n’abasanzwe begereye uyo mukinyi mukubamenyesha ko bamukeneye muri FC Barcelone.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: