#Burundi: Intamba Murugamba Zihejeje Kuronka Uburengazira Bwokuja Muri CAN 2019.

Kunganya kimwe ku kindi k'Uburundi n'Igihugu ca Gabon vyari bihagije kuribo kubo vyaciye bibaha Uburenganzira bwo kuja munkino za nyuma z'igikombe c'Afrika ku ncuro yabwo yambere kuva Uburundi bwikukira.

Uburundi, Intamaba Muruganmba zihejeje kuronka uburengazira bwokwitabira inkino z’igikombe c’imirwi nserukira gihugu vya Afrika CAN 2019 zizobera muri Misiri.  Ninyuma yaho zihejeje kunganya n’Igihugu ca Gabon igitsindo kimwe ku kindi (1-1) murukino kuri uyu wa gatandatu ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore rw’indwi yanyuma y’inkino zokurondera itike  za CAN 2019.

Abakinyi b’Uburundi nibo batanguye kwinjiza igitsindo k’umupira mwiza Fiston Abdoul Razaq yahaye Amissi Cedric nawe arinjiza mwizamu rya Didier  Ovono Ebank ku munota wa 76′. Abasore ba Gabon nabo baronka igitsindo co kugombora k’umupirwa watewe uvuye kumfuruka na Allevinah hama Ngando Omar umukinyi w’inyuma w’intamba murugamba aritsinda igitsindo k’umunota wa 82.

Kunganya kimwe ku kindi k’Uburundi n’Igihugu ca Gabon vyari bihagije kuribo kubo vyaciye bibaha Uburenganzira bwo kuja munkino za nyuma z’igikombe c’Afrika ku ncuro yabwo yambere kuva Uburundi bwikukira. Uburundi bukaba bwari mw’itsinda rya C bukaba burangije izo nkino bufise amanota 10 mu kibanza ca 2 inyuma ya Mali bafise abanota 11 barindirye gukina urukino rwabo rwanyuma  na Soudan Y’epfo ifata ikibanza ca nyuma ata nota narimwe bufise mugihe Gabon yarangije ifise amanota 8 mu kibanza ca gatatu.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: