#Burundi : Kuri Saido Berahino Ngo Iri Niryo Banga Ryatumye Uburundi Buronka Uburenganzira Bwokuja Muri CAN 2019.

Ntabanga rinini kiretse Imana yonyene kuko niyo itugejeje muri CAN.

Umusatirizi w’Intamba mu Rugamba hamwe na Stoke City yo mu Bwongereza Saido Berahino avugako Imana rugira vyose ariyo ibanga ryabo ryatumye batwara Uburundi kuzokwitabira inkino z’igikombe c’Afrika (CAN 2019) zizobera muri Misiri.

«Ntabanga rinini kiretse Imana yonyene kuko niyo itugejeje muri CAN. Twari twavyumvikanye n’abakinyi ko uwariwe wese aza gutangura mukibuga nuko yokwitanga uko bikwiye.»

Akaba yabishikirije inyuma y’urukino rwo kuri  wa gatandatu Uburundi  bwanganije n’Igihugu ca Gabon (1-1) bigaca bituma buronka uburenganzira bwokuzokwitabira inkino z’Igikombe c’Afrika (CAN 2019) muri Misiri bufise ikibanza ca kabiri mw’itsinda C n’amanota 10 inyuma ya Mali ifise amanota 14.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: