#Burundi : Nduwarugira Christophe Lucio ati : « Ivyananiye Abandi Twe Turabikoze ».

Maze gukina inkino nyishi hariho n’abakinye imbere yanje ariko bo batagiriwe ubuntu bwogushika hano hantu. Ico novuga nuko ivyo abandi batakoze twe turabikoze.

Imyaka niyindi abakinyi n’abandi benshe baragerageje akatari gake kugira ngo Uburundi buronke uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe c’Afrika biranka ariko bo barabikoze muri 2019 kuncuro yabwo ya mbere buzokwitabira izo nkino hariya muri Misiri ivyo nibimwe muvyashikirijwe na Nduwarugira Christophe Lucio umukinyi w’inyuma w’Intamba mu Rugamba hamwe n’umurwi wa Amorata TB Saad wo muri Portugal.

« Maze gukina inkino nyishi hariho n’abakinye imbere yanje ariko bo batagiriwe ubuntu bwogushika hano hantu. Ico novuga nuko ivyo abandi batakoze twe turabikoze. Abarundi ndababwiye ati bakoze kudushigikira intsinzi niyiwabo kuko badufashe mumugongo gushika k’umunota wanyuma bakoze cane Imana ibahezagire. »

Ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa gatandatu ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore  inyuma yokunganya kimwe ku kindi (1-1) n’Igihugu ca Gabon murukino rwanyuma rwo kurondera itike z’igikombe c’Afrika (CAN 2019) bica bituma Uburundi buronka amahirwe yokwitabira izo nkino zizobera muri Misiri bufise amanota 10 mukibanza ca kabiri inyuma ya Mali bafise amanota 14.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares