7.9 NGD Ads:

#Burundi: Bujumbura, Abanyamahanga Babiri Barafashwe Ku Kibuga C’Indege Ca Bujumbura, Bafise Ibiro Bitatu vy’Ikiyayura Mutwe Co Mu Bwoko Bwa Héroïne.

Ibiro bitatu vy’ikiyayura mutwe co mu bwoko bwa héroïne nivyo yafatanywe abanyamahanga babiri bo mu bihugu vya Brésil na Lettonie bizanywe mu Burundi kw’igenekerezo rya 20 z’uku kwezi kwa gatatu ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko ivyo biyayura mutwe bita heroine vyafashwe, bifise agaciro ka mafaranga y’amanyaburaya ashika ku bihumbi 360.

Ngo vyafashwe n’abajejwe umutekano w’u Burundi, bakaba babifatanye umunyamahanga yitwa Gilberto FABIO ava mu gihugu ca Brésil  muri America y’ubumanuko. Uwo rero akaba yari abivanye mu gihugu ca Brésil abizanye aha mu Burundi kugira ngo yakirwe n’abarundi basanzwe bakorana.

Pierre NKURIKIYE akaba amaneyesha yuko abo barundi babiri nabo nyene bafashwe. Hari uwitwa Juma NAHIMANA hamwe n’uwitwa Rajabu NDAYISENGA. Ngo abo barundi babiri bafashwe bakaba baba mu gisagara ca Bujumbura bakaba bavuga yuko akazi kabo ka misi yose ari ako kudandaza.

Pierre NKURIKIYE akamenyesha kandi yuko inyuma y’umusi umwe ivyo bibaye ni ukuvuga igenekerezo rya 21 ukwezi kwa gatatu haciye hafatwa uwundi mu nyamahanga ava mu gihugu ca Lettonie nawe yari yafashe indege imuvanye mu bugiriki aje mu Burundi akaba ari we yari afise igikorwa co guca yakira iyo imari abo bandi bari bazanye akaba nawe yaca ayijana ahandi hantu ngo yari kubwirwa n’abandi bakorana.

Tubamenyeshe yuko abo bantu bari bazanye igi carton kinini kirimwo igikoresho bakoresha mu gusukura mu nzu gishasha bakavuga yuko bo ari ba mukira rugendo baje mu Burundi mugabo bakaba bitwaje ico kintu nk’akaganuke bazaniye umurundi w’umugenzi wabo. Mu gi carton cari gitekeyemwo ico kintu niho bagiye baratabura baza barabashiramwo ivyo biyarura mutwe bagaca bahoma.

7.3 MTM Ads:

About Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: