#Burundi: UMUKOPO ECOCASH, Ubuhinga Bushasha Bwo Gusaba Umukopo Mw’ishirahamwe Econet Leo.

Célestin BUKENE akamenyesha rero yuko amafaranga umunyagihugu ashobora kuronka ari kuva ku mafaranga 300 kugera ku 30.000.

Ishirahamwe Econet Leo irikumwe n’igisata Cassava Smartech ryashize ahabona kuri uyu wa kabiri umugambi mushasha bise UMUKOPO WA ECOCASH. Uwujejwe imigendanire muri iryo shirahamwe amenyesha yuko  abanyagihugu bakoresha umuhora wa Econet Leo bashobora kuronswa ingurane biciye muri Ecocash. .

Célestin BUKENE akavuga ko ari akarusho ku banyagihugu kuko umunyagihugu azoshobora kuronka umukopo akoresheje telephone yiwe.

Ngo abanyagihugu bazokworoherwa mu kuronka amahera nko mw’ijoro iyo amafaranga abaheranye batagira aho bashobora kugenda kuyatora.

Ngo ingene bigenda babanza kuraba uyo mu nywanyi igihe amaze akoresha telephone yiwe, kuko aba afise telephone ya Econet Leo kandi akaba akoresha na Ecocash igihe kitari gitoyi kandi akaba ari umunywanyi ayikoresha neza haba mu guhamagara canke kurungika amafaranga.

Célestin BUKENE akamenyesha rero yuko amafaranga umunyagihugu ashobora kuronka ari kuva ku mafaranga 300 kugera ku 30.000.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: