England: Umuhagarikizi Mike Dean Yandikishije Amateka Yogutanga Amakarata Menshi Atukura.

Mike Dean amaze hafi imyaka 19 asifura inkino zo muri Premier League mu Bwongereza akaba yatanguye gusifura muri 2000.

Mugihe abakinyi n’abamenyereza bamwe bamwe bandikisha amateka mu mupira wa maguru ni nkuko nyene n’abahagarikizi bamwe bamwe bashobora kuyandikisha. Murabo bahagarikizi harimwo Mike Dean umugabo w’imyaka 50 yamavuko, Umwongereza yaraye abaye umuhagarikizi wa mbere mu mateka y’ihiganwa ryo mu bwongereza amaze gutanga amakarata menshi atukura (Carton rouge) ashika 100.

Kuri uyu wa kabiri mu masaha y’ijoro murukino rwariko ruhuza Wolverhampton Wanderers yariyakiriye Manchester United urukino rurangira kuntsinzi ya Wolverhampton (2-1) uyo muhagarikizi w’Umwongereza Mike Dean yeretse  ikarata zibiri z’umuhondo umukinyi wo kuruhande wa Manchester United, Ashley Young imwe yayimweretse k’umunota wa 52′ iyigira kabiri ayimwereka 57′ iba ikarata itukura igira 100 uyo muhagarikizi asohoye.

Mwomenyako Mike Dean amaze hafi imyaka 19 asifura inkino zo muri Premier League mu Bwongereza akaba yatanguye gusifura muri 2000.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares