Coupe Du Président: Inter Star Yasezereye Messager Ngozi, Ngozi City Nayo Isezerera Musongati FC.

Imirwi 4 ariyo Aigle Noir,  Rukinzo FC , Ngozi City na Inter Star niyo izokina igice ca kabiri gishira icanyuma.

 

Inkino zine z’igice ca kane gishira icanyuma mugikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu nizo zihejeje kubera kubibuga bitandukanye.  Inter Star yasezereye Messager Ngozi FC bawutsinze ibitsindo (4-2) murukino rwabereye hariya i Gitega Ku kibuga Ingoma. Ngozi City nawo itsinda igitsindo kimwe kubusa  umurwi wa Musongati FC (1-0) Mmurukino rwabereye i Bujumbura kukibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Aigle Noir utsinda vyoroshe cane Lydia Ludic Burundi ibitsindo (3-0) murukino rwabereye harya i Muyinga Ku kibuga Umuco. Rukinzo FC nayo itsinda kimwe kubusa umurwi wa Kayanza United (1-0).

Inter Star 4-2 Messager Ngozi FC.

Ngozi City 1-0 Musongati FC.

Rukinzo FC 1-0 Kayanza United.

Aigle Noir 3-0 Lydia Ludic.

Imirwi 4 ariyo Aigle Noir,  Rukinzo FC , Ngozi City na Inter Star niyo izokina igice ca kabiri gishira icanyuma.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares