#Burundi: Ukwisiga Birenze Birabujijwe Ku Banyeshure mu Burundi

Mu iryo tangazo umushikirangaji Janvière NDIRAHISHA yibutsa ko ivyo bitegekanijwe mw’itegeko rigenga amashure mu Burundi mu ngingo yaryo ya 28 agace ka 7.

Mw’itangazo ryasohowe mu mpera z’indwi irangiye,  ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga buragabisha umunyeshure azofatwa ko ata kibanza azoba agifise ku mashure yaba ya leta canke y’abigenga mu Burundi.

Mu iryo tangazo umushikirangaji Janvière NDIRAHISHA yibutsa ko ivyo bitegekanijwe mw’itegeko rigenga amashure mu Burundi mu ngingo yaryo ya 28 agace ka 7. Ahamagarira abanyeshure kugira isuku bisanzwe bakirinda kurenza urugero n’imyambaro ziteye isoni.

Umushikiranganji NDIRAHISHA akababazwa nuko vyibonekeje ko abanyeshure barenga iyo ngingo muri ino misi mu kugira ibicapo bitandukanye ku bice vy’imibiri yabo ivyo bita tatouage mu gifaransa.

Asaba abavyeyi n’abarezi guhagurukira iyo ngendo kugira basubize ku murongo abana babo

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: