#Burundi: I Bujumbura, Inama Yo Guhanahana Ivyiyumviro Kuvyerekeye Inama Igira Gatandatu Yo Kwegeranya Uburyo bw’Ikigega FOND MONDIAL.

Ngo u Burundi bwarateguye imigambi yo kuza burongereza ubwo buryo busabwa kugira ngo burwanye izo ndwara gushika bushike kw'ihangiro yo gushobora guterera nk’uko ibindi bihugu biterera muri ico kigega ca FOND MONDIAL.

Haratunganijwe ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri isekeza ryitiriwe ‘’Accelerons nos mouvements’’ rijejwe kwegerenya uburyo bw’ikigega FOND MONDIAL. Imiliyaridi zishika kuri 14 z’ama dolari y’abanyamerica niyo akenewe n’ico kigega kugira gihangane n’indwara z’itatu ari zo Malaria, Igituntu na Sida.

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida inyuma y’inama yo guhanahana ivyiyumviro kuvyerekeye inama igira 6 yo kwegeranya uburyo bw’ico kigega FOND MONDIAL itegekanijwe mu kwezi kw’icumi mu bufaransa.

Joselyne NSANZERUGEZE akavuga ko ico kigega kigirwa n’ibihugu bitanga uburyo n’abandi bashobora kwitanga bakagira ico baterereye kugira ngo baronke ico batanga.

Joselyne NSANZERUGEZE amenyesha yuko leta y’u Burundi yemeye yuko iza irongereza mu migambi yo kugwanya indwara zitandukanye.

Ngo u Burundi bwarateguye imigambi yo kuza burongereza ubwo buryo busabwa kugira ngo burwanye izo ndwara gushika bushike kw’ihangiro yo gushobora guterera nk’uko ibindi bihugu biterera muri ico kigega ca FOND MONDIAL.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: