#Burundi: Inter Star Izokwambikana Na Aigle Noir, Ngozi City Ikazocakirana Na Rukinzo FC.

Umurwi uzotahukna kino gikombe wiwo uzoserukira Uburundi muri Coupe de la Confederation muri Afrika. 

Bimaze kuja ahabona ko inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu zizoba kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza uno mwaka kubibuga bibiri gusa i Muyinga ku kibuga (Umuco) n’i Gitega ku kibuga (Ingoma) zose zikazobera rimwe igihe c’isaha icenda (15h00).

Inter star kuri Stade Prince Louis Rwagasore.

Umurwi wa Inter Star wasezereye Messager Ngozi FC ku bitsindo (4-2) uzokwambikana n’umurwi wa Aigle Noir nawo nyene wasezereye Lydia Ludic Sport For Africa ku ntsinzi y’ibitsindo (3-0) ku kibuga Umuco mu ntara ya Muyinga igihe c’isaha icenda (15h00).

Aigle Noir kuri Stade Ingoma de Gitega.

Umurwi wa Ngozi City nawo wasezereye umurwi wa Musongati FC kuntsinzi y’igitsindo (1-0) izokwambikana n’umurwi wa Rukinzo FC nawo nyene wasezereye Kayanza United iwutsinze igitsindo (1-0).

Umurwi uzotahukna kino gikombe wiwo uzoserukira Uburundi muri Coupe de la Confederation muri Afrika.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: