#Burundi: Ubushikiranganji Bw’Umutekano Buramenyesha Ko Bugiye Guhangana n’Abantu Bakora Urudandazwa Rw’Abantu.

Pierre Nkurikiye akamenyesha yuko itariki umunani z’ukwezi kwa kane i gipolisi caronse amakuru yuko hari ivuriro mu gisagara ca Bujumbura ryoba rikorana na bamwe bandadaza abantu bakabatwara mu bihugu vy’abarabu.

Ubushikiranganji bw’umutekano buramenyesha ko bugiye guhangana n’abantu bakora urudandazwa rw’abantu mu ntumbero yo gutuza iyo ngeso igayitse mu gihugu c’u Burundi. Pierre NKURIKIYE avugira ubwo bushikarnaganji akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu kiganiro n’abamenyesha makuru inyuma yaho hamenyekanye yuko hari ivuriro rikorana n’abakora urudandazwa rw’abantu mu gisagara ca Bujumbura.

Pierre Nkurikiye akamenyesha yuko itariki umunani z’ukwezi kwa kane i gipolisi caronse amakuru yuko hari ivuriro mu gisagara ca Bujumbura ryoba rikorana na bamwe bandadaza abantu bakabatwara mu bihugu vy’abarabu mu gihugu ca Arabia Saoudite.

Pierre NKURIKIYE avuga yuko amatohoza amaze gukorwa basanze ivyo bintu ariko biri. Ngo niho i gipolisi caca kigenda aho iryo vuriro riri muri zone ya rohero ya mbere musi ya kaminuza y’u Burundi kihafatira abantu babiri ba bagore bagomba kuja kudandazwa, kiraheza kibafatana mbere nivyo bari bafise harimwo  na za mpapuro zo kwa muganga abantu bafashe ingendo baba bafise bita »Carte Jaune » hamwe n’impapuro zabo z’inzira zikiri zishasha.

Pierre NKURIKIYE avuga ko i gipolisi caciye kibandanya gusaka kuri iryo vuriro gica kirahafata n’inzindi mpapuro zinzira zigizwe n’impapuro 27 z’inzira zishasha kandi z’ukuri  hamwe n’impapuro 30 zo kwa muganga abagomba gufata ingendo zo mu bindi bihugu barondera.

Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko muri izo mpapuro, zibiri nizo zari iz’ukuri izindi 28 zari za magendo. I gipolisi cahafatiye kandi n’imachine nyabwonko iryo vuriro rikoresha mu gukorera ivyo bintu abo bantu.

Pierre NKURIKIYE akamenyesha kandi yuko inyuma y’amatohoza igipolisi cahavuye gifata uwutwara iryo vuriro, umu nya Kenya afise amamuko yo mu gihugu ca Somalia, kiranafata n’abakozi biwe babiri bapima amaraso, aba laborantins mu gifaransa.

Ngo babajijwe, nyene ivuriro avuga ko abo bantu baca iwe akabapima mugabo akavuga yuko aba ariko arakora kugira ahembwe n’irindi shirahamwe rikora urwo rudandanza rw’abantu risanzwe rikora ivyo nyene mugabo mu bihugu vyinshi harimwo igihugu ca Kenya c’ubuganda ca Ghana ca Tanzanie n’igihugu ca soudani.

Mukurangiza Pierre NKURIKIYE amenyesha yuko abo bafashwe baciye bashikirizwa ubutungane, agasaba  abajejwe umutekano  ko bakomeza barondere abandi baba bakorana kugira ngo amashirahamwe nk’ayo aranduranwe n’imizi mu Burundi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: