Maroc: Hervé Renard Yanyeguruye Ibihugu YipfuzaKo Vyokina Finale Ya CAN 2019.

Hérve Renard akaba asanzwe afise umugore bubakanye wumunya Senagal ariwe Viviane Dièye. 

Mugihe harindiranywe igishika cinshi kuri uyu wa gatanu itombora ryo kumenya uko ibihugu bizohura mu matsinda , umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu wa Maroc umufaransa, Hervé Renard bamubaza ikibazo c’ibihugu yipfuzako bizokina urukino rwanyuma rwa finale rya CAN ruzobera itariki 19 Mukakaro 2019, ata gukekeranya uwo mufaransa amaze gutahukana ibikombe bibiri arikumwe n’igihugu ca Zambia hamwe na Cote d’Ivoire yishuye uku gukurikira:

copyright. lequipe.fr

Ndipfuza kubona, Maroc na Senegal murukino rwanyuma (finale). Rwoba ari urwego   rwiza kurivyo bihugu bibiri vyo kumugabane umwe. Tuzovugako uwozoronka amahirwe niwe azotsinda kuko ruzoba ari urukino rwiza cane kuberako tutazovugako habaye ivyo  guhana ubushimwe. Renard akaba yabivugiye kuri  E-Media.

Hérve Renard akaba asanzwe afise umugore bubakanye wumunya Senagal ariwe Viviane Dièye.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: