Burundi Mw’itsinda Rya B Rigoye kandi Ryoroshe Muri CAN 2019!

Uburundi burimwo n'itsinda rigoye kuruhande rumwe ufatiye kubihugu biri muri rinotsinda uhereye kugihugu ca Nigeria gifise uburambe muri kino gikombe aho kimaze kucitabira incuro zishika 17 kikaba kimaze gutahukana   kino gikombe incuro 3 hari muri 1980, 1994 hamwe no muri 2013. Guinnée Conakry nayo ikaba imaze kwitabira igikombe c'Afrika incuro 11.

Ijonjora ryabaye kuri uyu wa gatanu i Cairo muri Misiri ry’igikombe c’Afrika 2019, Uburundi bwisanze mw’itsanda rya B twovugako rigoye kandi ryoroshe. Intamba Murugamba zirikumwe  n’ibihugu nka Nigeria, Guinnée Conakry na Madagascar.

Akeza.net

Iritsinda, Uburundi burimwo n’itsinda rigoye kuruhande rumwe ufatiye kubihugu biri muri rinotsinda uhereye kugihugu ca Nigeria gifise uburambe muri kino gikombe aho kimaze kucitabira incuro zishika 17 kikaba kimaze gutahukana   kino gikombe incuro 3 hari muri 1980, 1994 hamwe no muri 2013. Guinnée Conakry nayo ikaba imaze kwitabira igikombe c’Afrika incuro 11 mugihe Madagascar yonyene ariyo itaribwitabire zino nkino narimwe.

Uku Niko Vyagenze kumatsinda yose:

Groupe A : Egypte, RDC, Ouganda, Zimbabwe
Groupe B : Nigeria, Guinée, Madagascar, Burundi
Groupe C : Sénégal, Algérie, Kenya, Tanzanie
Groupe D : Maroc, Côte d’Ivoire, Afrique du Sud, Namibie
Groupe E : Tunisie, Mali, Mauritanie, Angola
Groupe F : Cameroun, Ghana, Bénin, Guinée Bissau.

Uburundi buzokina urukino rwayo rwa mbere na Nigeria itariki 22 Ruheshi 2019.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: