TP Mazembe Ihejeje Gukosora Simba SC Muri CAF Champions League.

Simba SC niyo yatanguye kuronga igitsindo hakiri kare ku munota wa 2 babikesheje Emmanuel Okwi kigomborwa kumunota wa 23' Kabaso Chongo, Mechak Elia yongeramwo ica kabiri baja kuruhuka Mazembe ifise (2-1).

Umurwi wa TP Mazembe wo muri Congo RDC,  uhejeje gukosora Simba SC iwutsinze ibitsindo bine kuri kimwe (4-1) murukino rwa CAF Champions League igice ca kane gishira icanyuma murukino rwogusubiriza rwabereye kuri Stade Martyr de Kinshasa mugihe murukino rwa mbere Simba  SC yanganije na Mazembe  kuri Uwanja wa Taifa (0-0).

Simba SC niyo yatanguye kuronga igitsindo hakiri kare ku munota wa 2 babikesheje Emmanuel Okwi kigomborwa kumunota wa 23′ na Kabaso Chongo, Mechak Elia yongeramwo ica kabiri baja kuruhuka Mazembe ifise (2-1).

Mugice ca kabiri TP  Mazembe yongerezamwo inguvu isubira kuronka ibindi bitsindo 2 ibikesheje Tresor Mputu Mabi ku munota wa 68′ ndetse no kumunota wa 78′ Jackson Muleka akubitamwo icakane Simba SC iba irasezereye izo nkino kubitsindo (4-1) munkino zibiri zose urwambere wabaye (0-0).

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: