Amafaranga angana n’ibihumbi mirongo ibiri vy’ama dolari yabany’america niyo yibwe ku musi wa gatandatu hari kw’igenekerezo rya gatandatu ukwezi ka kane. Bivugwa na Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hari kuri uno wa mbere aho yabishikiriza.
Pierre NKURIKIYE avuga ko ayo mafaranga yibwe umuhindi akorera ishirihamwe millenium infosys. Abayivye akaba ari abakozi babiri bamukorera muhira iwe.
Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko ubwo busuma bwabereye mu gisagara ca Bujumbura muri zone Rohero muri quartier Asiatique. Bukaba bwakozwe n’abarundi babiri bakorera muhira iwe. Hari uwitwa Thierry NTAHOKAGIYE n’uwitwa Jepes UKURISHAKA.
Pierre NKURIKIYE akavuga yuko ayo mafaranga yari afise umuhindi yitwa RAJESH akaba yagomba kuyabika muri banque hanyuma niho yaca agira akagorane kajanye n’amagara aca abanza kuyasiga mu cumba mu kabati yirukanga kwanza kuja kwa muganga. Niho baca bamurereka baca barugurura barinjira baratwara ayo mafaranga. Pierre NKURIKIYE kavuga ko batwaye amafaranga angana n’ibihumbi mirongi ibiri vy’ama dollars hamwe n’umurioni umwe wa m’amarundi.
Ngo ivyo bihejeje kuba abibwe baciye batabaza igi polisi. Uwo musi nyene ku mugoroba, umwe yari yamaze gufatirwa i Bugarama ariko yerekeza intara ya Gitega, uwundi nawe yagiye gufatwa mu nyuma i Gitega nyene. Igice gito c’amafaranga baravuze aho bayashize ariko hariho ayandi bari bamaze kuyaguramwo ibintu nk’amazu i Gitega. Ayasigaye nayo i gipolisi kitaramenya neza igitigiri ngo bavuze ahari n’uwuyafise i Gitega.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.