Burundi Ngozi: Ikibuga Mpuzamakungu Urukundo Stadium Caguruwe N’imvura Ivanzemwo Umuyaga!

Urukundo Stadium gisanzwe giherere ku gasozi ka Buye muri Komine Mwumba mu ntara ya Ngozi cahora cakirirwako inkino za Primus League  n'imirwi  ya Messager Ngozi, Kayanza United na Ngozi City. Mwokwibukako Ico kibuga cemerewe kuba Mpunzamakungu mu mwaka 2018.

Imvura ivanzemwo umuyaga yaguye kuri uyu wa kabiri mu ntara ya Ngozi yaguruye ikibuga mpuzamakungu Urukundo gisanzwe cemewe  n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF.

Uruhande rwasinzikanjwe cane niyo mvura n’uruhande rwo mubwugamwo, C na B nkuko vyamenyeshejwe na Messager Ngozi FC ibicishije kurubuga rwabo rwa Facebook.

Mugihe m’ubwugamwo bw’iteka butasinzikanjwe cane niyo mvura yari vanzwemwo n’umuyaga  nkuko babandanije babimenyesha kurubuga rwabo.

Amabati n’ivyuma vyari bisakajwe ico kibuga bikaba vyasenyutse bimwe bija mukibuga ibindi bigwa inyuma y’ikiguga. Urukundo Stadium gisanzwe giherere ku gasozi ka Buye muri Komine Mwumba mu ntara ya Ngozi cahora cakirirwako inkino za Primus League  n’imirwi  ya Messager Ngozi, Kayanza United na Ngozi City. Mwokwibukako Ico kibuga cemerewe kuba Mpunzamakungu mu mwaka 2018.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: