#Burundi: Birabujijwe Gushinga Amashengero Mashasha n’Imisigiti Mu Gisagara ca Bujumbura.

 

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwarafashe ingingo yo kubuza ishingwa ry’amashengero mashasha hamwe n’imisigiti mu gisagara ca Bujumbura.

Mu rwandiko rw’ubwo bushikiringanji bwo kuri uyo wa gatatu, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE avuga ko amadini ashaka gushinga amashengero mashasha ategerezwa juka kuyashinga hagati mu gihugu hubahirijwe itegeko rigenga amadini na cane cane imetero zitegekanijwe hagati y’ishengero n’irindi.

Muri  urwo rwandiko, umushikiranganji ashikiriza ko ibibanza vyo gusengeramwo bitegerezwa kuba ari ibibanza bibereye kandi vyubahiriza amabwirizwa y’isuku. Amashengero yubatse mu vyatsi ategerezwa gusamburwa nkuko biri muri urwo rwandiko.

Abanyamahanga bakaba babujijwe kuja mu nzego zirongoye ishengero ku rwego rw’igihugu hamwe no mu nzego zifata ingingo.

Nkuko biri muri urwo rwandiko nyene ngo amashirahamwe yegamiye amadini ntarekuriwe gutunganya amasengesho ivyo bita culte mu gifaransa. Ahamagariwe nyabuna ibikorwa vy’iterambere hamwe no gufasha ayandi mashengero.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu butegeka ko umusigiti mushasha wubakwa habanje kuboneka uruhusha rwatanzwe n’umushikiraganji.

Amadini adakwije ibisabwa n’amategeko agategerezwa gusaba kwemererwa  gushasha. Igenekerezo rya 25 uku kwezi kwa kane uno mwaka rikaba ari sango rya nyuma ryo kuba amashengero yose aba yisunga amategeko. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bukarangiza urwo rwandiko buvuga ko butegekanije mu kwezi kwa gatandatu igikorwa co kuraba ko ingingo zafashwe zubahirijwe.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: