#Burundi: Integuro y’Itegeko Rigenga Amatora Yaraye Yemejwe n’Inama Nshingamateka.

Amafaranga y’ingwati kubitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yavuye ku miriyoni 15 aja ku miriyoni 30.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasiguye ko iyo nteguro iri mu ntumbero yo gukurikiza ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2018.

Ngo iyo nteguro y’itegeko isubiramwo itegeko rigenga amatora igizwe n’ingingo 253. Kub’wumushikiranganji Pascal BARANDAGIYE, iyo nteguro y’itegeko yasabwe n’abanyamigambwe hamwe n’umugwi CNI utegura amatora.

Amafaranga y’ingwati kubitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yavuye ku miriyoni 15 aja ku miriyoni 30 ibitandukanye n’ivyari muri iyo nteguro y’iryo tegeko imbere yuko ishika mu Nama Nshikiranganji kuko yategekanya imiriyoni 50 mu kugabanya abagomba kwiyerekana gusa mu matora nkuko bisigurwa n umushikiranganji Pascal BARNANDAGIYE.

Ugutangura amatora y’umukuru w’igihugu vyari muri iyo nteguro ntibihurizwako n’abatowe n’abanyagihugu. Bashikiriza ko yofatanywa n’ay’abashingamateka hamwe n’ay’abahanuzi ba ma komine. Kuri ico kibazo umushikiranganji BARANDAGIYE ati gufatanya amatora ntaco bitwaye ahubwo bituma hagabanuka uburyo bukoreshwa.

Kubijanye abashingamateka bavuga ko amafaranga y’ingwati kubitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yoba ari menshi, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE avuga ko ata muntu afise igihagararo co kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yoyabura.

Iyo nteguro y’itegeko yemezwa n’abashingamateka 105, 3 bararihakana ku bashingamateka 108 batoye.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: